Enda nyabuna rero, ronderera indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, mu gutanga mu vyo Imana Allah Yaguhaye, kandi ntuzokwiyibagire mu kwibeshaho neza kw’isi ata gusesagura, uheze uhereze abantu imperezwa ku bugwaneza ata gashinyaguro, nka kurya Imana Allah Yakugiriye ubugwaneza mu kuguha amatungo menshi; kandi ntukagire ubwononyi kw’isi mu gutandukira ibizira no kwishima ku bantu, mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda na gato abagenzwa n’ubwononyi kw’isi”.