Bantu! Ni ku mpuhwe z’Imana Allah rero kuba Yarabagiriye ijoro n’umurango bikurakuranwa mu kubisikanya, Iraheza Igira ijoro kuba umuzimagiza kugira muturure muri nya joro muheze muruhuke; Igira n’umurango kuba habona kugira murondere icorirenza mu mpano zayo. Ivyo vyose Yabibagiriye kugira muyishimire ku nema zayo Yabahaye.