Ni Allah ata mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo; ishimagizwa, ni iryayo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa; ishingwa ry’ingingo ku biremwa, ni iryayo. Ni no kuri Yo rero mwebwe mwese muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze.