Mbega none umuntu Twasezeraniye guha Ubwami bw’ijuru ku bugamburukiramana bwiwe, maze akazoronka ivyo Twamusezeraniye, ni nk’uwo Twahaye kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi, maze akaryoherwa na nya buzima akabuhurumbira ha guhurumbira ubuzima bw’inyuma yo gupfa, hanyuma akazoshengezwa ku musi w’izuka, kugira aharurirwe ku vyo yakoze! Abo bantu babiri ntibashobora kunganya namba ubutore.