Bantu! Ico cose muronswa mu bibondo n’amatungo, ni ico kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi, ni n’igisharizo gusa muri nya buzima. Nayo ibitegekanirijwe abagamburukiramana biri ku Mana Allah, ni vyo vyiza gusumba kandi vyamaho. Mbega none, ntimwogarura akenge ngo mutahure ikibi n’iciza!