Ntumwa y’Imana! Ntivyari gushika ko Imana yawe Rurema Allah, Ihonya uducimbiri dukikuje igisagara ca Makka, Itabanje kurungika muri ico gisagara Intumwa ibasomera Aayah zacu Twebwe Allah, kanatsinda ntitwigeze Duhonya uducimbiri, kiretse ko abatubamwo baba birenganije mu kugarariza, maze Imana Allah Ikabahanira ubugarariji bwabo.