Nibatashobora kuzana nya gitabu, bakabura n’ikindi cireguzo berekana, uzoce umenya rero ko bakurikira ivyipfuzo vyabo gusa. Nta muntu n’umwe yahuvye yoza asumba uwutwarwa n’ivyipfuzo vyiwe, atisunga uburongozi buvuye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa yayo.