Ni ukuri Musa, Twaramuhaye Igitabu ca Tawurati mu nyuma y’aho Duhonereje imigwi y’abantu bo hambere yiwe, Igitabu kirimwo inyigisho zituma Bene Israyeli bamenya gutandukanya iciza n’ikibi; harimwo n’ubugororotsi n’impuhwe kugira bibuke inema z’Imana Allah, baheze bayishimire mu kutayigarariza.