Shira ikiganza cawe mu kwaha ugicishije mw’idebure1 ry’impuzu, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe, uheze ushire n’ukuboko kwawe ku gikiriza uheze utekane. Ivyo rero, ni ibitangaro bibiri uhawe n’Imana yawe Rurema Allah kugira uje kwa Firawuni n’abunganizi biwe”. Mu vy’ukuri Firawuni n’abunganizi biwe, bari abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.