Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Iyo mwongoreranye, ntimukongorerane mu bibata mu vyaha n’akarenganyo, no mu guca kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Murongorerana mu vyotuma mwubaha mukubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; kuri Yo, ni ho muzokwegeranirizwa.