Ntumwa y'Imana! Mbega, ntiwabonye ababujijwe kwongorerana, mu nyuma basubira gukora ivyo babujijwe, bakongorerana mu vyaha n’akarenganyo, no mu guca kubiri n’Intumwa y’Imana! Iyo baje, bakuramutsa (ngo muragahona) indamutso utaramutswa n’Imana Allah, bavuga mu mitima yabo bati: “Imana Allah, niduhane rero ku vyo tuvuga nimba Muhamadi ari Intumwa vy’ukuri!”. Barakwiye umuriro wa Jahannamu, bazowinjiramwo. Ubwo, ni bwo bushikiro bubi.