Mu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa, bazoteterezwa nk’uko ab’aho hambere yabo bateterejwe. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaramanuye Aayah zitomoye zerekana ko amabwirizwa y’Imana Allah ari kwo kuri. Nayo abagarariza mu kuzihakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bisuzuguza.