Mbega none, mwagize impungenge zo gutinya ko mwokena, mu gihe mwotanga imperezwa imbere yuko muganira n'Intumwa y'Imana! Mu gihe mutobikora kuko bibagoye, Imana Allah na Yo Igaheza Ikabababarira, maze Ikaborohereza mu guhagarika iryo bwirizwa, muraheza mutsimbataze amasengesho-bwirizwa ku mwanya, munatange n’ishikanwa-bwirizwa, mwongere mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo. Burya Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.