Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Igihe mushatse kuganira n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mutegetswe gutanga imperezwa imbere yuko muganira; ivyo, harimwo ineza no kwiyeza kuri mwebwe. Nimutaronka ico mutanga naho, nta co bitwaye; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere, Igumiriza akabanga abigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.