Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwasabwa kwagurira abandi mu vyicaro, muraca mubagurira; na mwe Imana Allah, Izobagurira kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nimwasabwa naho guhaguruka mubisa abaje, murahaguruka; Imana Allah Izoduza icubahiro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abemeramana muri mwebwe n’abahawe ubumenyi. Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.