Iyo baba bemera Imana Allah n’Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakemera n’ivyo yamumanuriye muri Qor’ani, ntibari kugira abagararije abagenzi somambike bacuditse, ariko rero abenshi muri bo, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.