Ni ukuri, abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari imwe mu butatu bweranda1, baramaze kugarariza. Mbega none ntibazi ko abantu ata yindi mana bafise, atari Imana Imwe Rudende Allah, Itavyaye kandi Itavyawe! Ntiboteshwa ngo bate, bakavavanura n’ivyo bavuga! Ni ukuri bazokorwako n’ibihano bibabaza;