Ivyo bigaba mu bayahudi rero, vyibaza ko Imana Allah Itazobihana, biraheza birarendegera mu bukozi bw’ikibi bicika impumyi, ntivyaba bikibona ukuri; bicika n’intumva, ntivyaba bicumva ukuri ngo kugire ico kubimariye. Ni ho rero Imana Allah Yabihana, hanyuma Iravyumvira bimaze kwigaya. Mu nyuma yaho ukuri gutomokeye, abenshi muri vyo bahavuye bacika impumyi kandi bacika n’intumva. Burya Imana Allah, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, Izonabibahembera.