Ewe Ntumwa y’Imana! Shikiriza ivyo wamanuriwe n’Imana yawe Rurema Allah. Niwahirahira ngo ureke gushikiriza bimwe muri vyo, ntuzoba washikirije bikwiye ubutumwa warungikanwe n’Imana Allah1. Imana Allah na Yo Izoheza Igukingire abansi bawe mu bantu, shishikara rero ushikiriza ubutumwa ata co winona. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntishoboza abantu b’abagarariji gutumbera inzira igororotse.