Ntumwa y’Imana! Tunganiriza abayahudi wisunze ivyo wamanuriwe n’Imana Allah muri Qor’ani, ntukanakurikire ivyipfuzo vy’abakwituye vyotuma utirigana ku kuri, kandi wiyubare ko bohava bakubera intambamyi y’ukutubahiriza ivyo wamanuriwe n’Imana Allah. Nibagenza umugongo bakirengagiza ingingo wabashikirije, uramenya ko Imana Allah Ishaka kubahubisha ku kubera ivyaha vyabo, kandi rero mu vy’ukuri abenshi mu bantu, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.