Mu vy’ukuri, abagararije mu guhakana bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, vyoshika bakaba bagaba ibiri kw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibingana na vyo, bagashaka gutanga ivyo bagaba vyose kugira bigombore mu bihano vyo ku musi w’izuka, Imana Allah ntiyokwemeye ivyigombozo vyabo, mbere baranategekanirijwe ibihano bibabaza;