Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze muyiyegereze mu kuyumvira no mu gukora ibiyishimisha, maze muharanire n’idini ryayo kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.