Ku kubera ico caha co kwica rero, Twategetse Bene Israyeli, ko uwishe umuntu ku karenganyo atari ku mvo yo kwihora canke guhana igenzwa n’ubwononyi kw’isi1, ahabwa igihano gikaze nk’aho yoba yishe abantu bose; n’uko uwubungabunze ubuzima bw’umuntu, Imana Allah Yaziririje ko yicirwa ubusa, ahabwa indishi ihambaye nk’aho yoba yabungabunze ubuzima bw’abantu bose2. Ni ukuri, Bene Israyeli baramaze gushikirwa n’Intumwa zacu, zibangikanije n’ivyemezo vyerekana ukuri kw’ukwemera Imana Allah no kwubahiriza amabwirizwa yayo. Inyuma yo gushikirwa n’izo Ntumwa rero, abenshi muri bo barimonogoza kw’isi mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.