Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu biwe yarungitsweko ati: “Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, igihe Irungika Abavugishwamana bavuye muri mwebwe, Ikabagira abami inyuma y’aho mwari abashumba muganzwa na Firawuni, Iraheza Ibaha n’ingabirano nyinshi Itigeze Iha n’umwe mu bantu bo mu gihe canyu;