Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarenge ku mabwirizwa y’Imana Allah no ku bimenyetso vyo kuyubaha1; ntimukanarwane2 mu mezi matagatifu3; ntimukihe na kimwe ku mbagwa; ntimukihagire imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka; ntimukarwanye abaje bagana ingoro ntagatifu barondera impano mu vyobabeshaho bivuye ku Mana yabo Rurema Allah bikanayishimisha. Nimwamara kurekurirwa kugira ivyari bibujijwe mu gihe mwambaye urubega, muzoba murekuriwe kugira uruhigi. Urwanko mufitiye abigeze kubabuza kwinjira i Makka 4, ntiruzobabuze kubatunganiriza. Bemeramana! Muraheza rero mufashanye gukora ivyiza n’ibikorwa vy’igamburukiramana, ntimugafashanye gukora ibituma mugwa mu vyaha no kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, muheze rero kandi mwiyubare guca kubiri n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irahana Igahasha abaca kubiri n'amabwirizwa yayo.