Abavuze ko Imana Allah ari we Masihi Isa mwene Mariyamu, ni ukuri baramaze kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega none, ni nde yoshobora gukingira urupfu Masihi mwene Mariyamu be na nyina wiwe, mu gihe Imana Allah Yoshaka ko bapfa bompi hamwe n’ibiremwa vyose biri kw’isi1! Eka nta n’umwe yoshobora kubakingira urupfu, kuko burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Irema ico Ishatse kikaba. Imana Allah ni Mushoboravyose2.