Umusi nya ruzitiro rwasenyutse, Twebwe Allah, Tuzorekura Ya-juuja na Ma-juuja bashwiragire maze bahungabanye abantu gushika ku muhero w'isi, hanyuma inzamba igira kabiri yo kuzuka ivuzwe, Duheze Twegeranirize ibiremwa vyose hamwe, kugira Tubiharurire maze Tubihembere ivyo vyakoze.