Dhu l-Qarnayini amaze guheza kwubaka nya ruzitiro yavuze ati: “Uru ruzitiro-ntamenwa narwubatse ku mpuhwe z’Imana yanje Rurema Allah Igiriye abantu, nihagera rero isezerano ry’Imana yanje Rurema Allah ryo kurekura Ya-juuja na Ma-juuja, Imana Allah Izoca Isenyura nya ruzitiro, kandi isezerano ry’Imana yanje Rurema Allah ni iry’ukuri”.