Umwami Dhu l-Qarnayini rero, yaragiye gushika n’aho amaze kugera mu burengero bw’izuba, yasanze izuba riboneka nk’aho rirengera mw’iriba ry’amazi arimwo ivu ryirabura; muri nya burengero bw’izuba yahasanze abantu b’abahakanyi. Twebwe Allah Twamubwiye Duti: “Ewe Dhu l-Qarnayini! Nibatemera Imana Imwe Rudende Allah, ushatse urabaha igihano co kwicwa, canke ubagirire ubugwaneza uheze ubigishe, maze ubarongore mu nzira igororotse”.