Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri jewe ndi umuntu nkamwe, mpishurirwa n’Imana Allah ko mu vy’ukuri, Imana yanyu ari Imana Imwe Rudende Allah; uwo wese rero yizera ko azozuka agahura n’Imana yiwe Rurema Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa kugira Imuhembere ivyo yakoze, nakore ibikorwa vyiza bitegetswe, kandi ntabangikanye Imana yiwe Rurema Allah n’ikintu na kimwe mu biremwa mu kuyiyegereza ayisenga”.