Ntumwa y’Imana! Iyo bamwe mu bislamu babonye urudandazwa, canke ibintu bisamaza ata co bimaze mu bihendamaso vy'isi, baca babihurumbira bakagusiga uhagaze wenyene. Babwire uti: “Burya indishi n’inema biri ku Mana Allah, ni vyo vyiza kuri mwebwe gusumba urudandazwa n’ibisamaza. Burya Imana Allah, ni Yo Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa”.