Ababangikanyamana bavuze bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa bati: “Ubuzima, si ikindi kiretse ko ari ubu buzima nyene tubayeho kw’isi, nta bundi buzima bubaho inyuma yo gupfa; nta n’ikindi gituma dupfa tugahona, kiretse ibihe bidutitura tugapfa, si Imana Allah”. Abo babangikanyamana rero, nta bumenyi bafise ku vyerekeye ubuzima no gupfa hamwe n’izurwa ry’ibiremwa, bapfa kuvuga gusa ivyo bibwiye;