Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri mu gihe wokurikira ivyipfuzo vyabo, nta na kimwe bokumarira ngo bagukure mu bihano vy’Imana Allah. Mu vy’ukuri, abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, baratabarana bakagira n’urunani mu kurwanya abemeramana. Burya Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi Atabara abagamburukiramana bubahiriza amabwirizwa yayo.