Ni nk’uko nyene bahabwa muri nya minyago, abakene b'abimukira baje bava i Makka “Muhaajiriina”, bakuwe mu ngo zabo no mu matungo yabo ku karenganyo, kubera gusa ko barondera impano no gushimwa n’Imana Allah, hamwe rero no kurwanira idini ryayo n’Intumwa yayo. Abo, ni bo rero mvugakuri zibushitse.