N’ivyo Imana Allah Yabanyaze Ikabiha Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), nta vyo mwaruhiye mu kubirwanira kw’ifarasi canke ku ngamiya; ariko rero Imana Allah, Ituma Intumwa zayo gutera ubwoba no gutsinda ata ndwano ku wo Ishatse. Burya Imana Allah, ni Yo Mushoboravyose.