Ni Yo Yasohoye mu zabo abayigararije mu bahawe Igitabu, kw’iyimurwa rya mbere1; ntimwaziga ko bokwimutse, na bo nyene biyumvira ko inzitiro-ntamenwa zabo zizobakingira ibihano vy’Imana Allah, maze igihano c’Imana Allah co kubimura, kibashikira mu buryo batari biteze. Itera ubwoba mu mitima yabo, bisamburirako amazu yabo n’iminwe yabo, hamwe n’iminwe y’abemeramana. Emwe bantu mufise ubwenge, mwihweza ibintu n’ibindi mukabona ukuri! Enda nyabuna rero, nimuhakure icigwa, maze mwikebuke!