Mbega, ntiwabonye abagize uburyarya, babwira benewabo bagararije mu bahawe Igitabu1, bati: “Ni ukuri, nimwimurwa mu zanyu mukirukanwa i Madina, tuzokwimukana na mwe koko, kandi nta n’umwe tuzokwumvira ngo duheze tubatetereze mu kutimukana na mwe. Nimwaterwa naho nyene, tuzobarwanako tubatabare. Burya Imana Allah, ni Yo Cabona ko mu vy’ukuri indyarya zibabesha.