Alif Laam Miim. Ni zimwe mu ndome z’ururimi rw’icarabu, Imana Allah Yatanguje bimwe mu bisomwa vya Qor’ani, kugira Ihige n’Abarabu basanzwe bakoresha izo ndome, ko boshobora kuzana Aayah n’imwe isa mu mvugo na Qor’ani, birabananira. Ico gica kiba igitangaro cemeza ko Qor’ani ari Igitabu c’Imana Allah.