Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaremeye iranizigira ivyo yahishuriwe n’Imana yayo Rurema Allah muri Qor’ani, eka n’abemeramana baravyemeye baranabishira mu ngiro; umwe wese muri bo yaremeye Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo n’Intumwa zayo zose, baraheza bavuga bati: “Ntituvangura n’imwe mu kwemera Intumwa zayo”. Barongeye baravuga hamwe n’Intumwa bati: “Twumvise kandi twumviye Imana Allah, turasavye rero imbabazi n’ikigongwe cawe, Mana yacu Rurema! Ni no kuri Wewe rero tuzosubira kugira Uduhembere ivyo twakoze”.