Abatanga amatungo yabo ku bw’Imana Allah mw’ijoro no ku murango, mu mpisho no ku mugaragaro, abo bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi.