Nimwatanga imperezwa ku mugaragaro ku bw’Imana Allah, ni vyiza; nimwayitanga naho mu mpisho mukayihereza abakene, bizoba ari vyiza kuri mwebwe gusumba kuko ata kwiyerekana kuba kurimwo. Gutyo rero Imana Allah Izonabababarira ivyaha vyanyu. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera.