Mbega muri mwebwe, hari uwipfuza ko yoba afise umurima ugizwe n’ibiti vy’itende n’imizabibu, musi yavyo hatemba inzuzi z’amazi meza y’akanovera, muri nya murima akaba afisemwo amoko yose y’ivyamwa, na we akaba ageze mu za bukuru atagishoboye guteragira, akaba afise rero n’abana bakiri bato bakeneye kwikora kuri nya murima, hanyuma hakaza umuyaga w’igihuhusi uvanze n’umuriro ukawuturira1! Ni nk’ukwo nyene rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze rero mutange imperezwa zanyu ku bwayo.