Nayo akarorero ka barya batanga amatungo yabo barondera gushimwa n’Imana Allah, no gutsimbataza ukwemera mu mitima yabo, ni nk’ak’umurima utotahaye uri ahantu hataramutse himbuka, haguye imvura nyinshi, gutyo umwimbu uva muri nya murima ukiyongera incuro zine; iyo muri nya murima hataguye imvura nyinshi iranyanyagira, amama yayo akaba akwiye kugira ngo umwimbu wiyongere1. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona.