Burya akajambo keza wishura uwusaba, no kumubabarira ku kwama ariko arasega, ni vyiza kuruta imperezwa ikurikijwe agashinyaguro n’agasuzuguro mu mvugo n’ingiro. Burya Imana Allah Irikenuye nta co Ikeneye ku mperezwa y’ibiremwa, ni Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana.