Ntimugategerere abantu ku nzira, mubatera ubwoba bwo kwicwa mu gihe batabahaye amatungo yabo, muburagiza n’abemera Imana Allah kwinjira mw’idini ryayo, mwipfuza ko ridatumbera ukuri, rikubahirizwa nk’uko mubishaka. Nimwibuke kandi inema mwahawe n’Imana Allah igihe mwari inkehwa, Imana Allah Ikabagwiza mugaheza mukaba ibihangange, kandi murabe n’ukuntu iherezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi ryagenze.