Ni ko guca rero baca imitsi ya nya ngamiya irahwera, bahonyanga ku bwishime ibwirizwa ry’Imana yabo Rurema Allah ryo kutayikomakoma ku nabi, baca babwira Swalehe bati: “Ewe Swalehe! Duhe rero vya bihano udusezeranira niwaba uri mu Ntumwa z’Imana Allah!”.