Kandi ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose kw’isi, inyuma y’aho Imana Allah Iyitunganirije ku kurungika Intumwa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), ikabungabungwa hisunzwe iyumviramana; muheze kandi muyitumbere mu kuyisaba mutayibangikanya, mutinya ibihano vyayo, mwizera n’indishi kuri Yo. Mu vy’ukuri impuhwe z’Imana Allah, ziri hafi cane y’abagwaneza.