Mbega aba bakene na ba nyarucari bari mu Bwami bw'ijuru, si bo mwarahira mukarengwa mukiri kw’isi; ko Imana Allah Itazokwigera Ibagirira impuhwe ku musi w’izuka, bakinjira mu Bwami bw’ijuru!". Ba bantu bari muri rwa ruzitiro ruri hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro rero, bace babwirwa bati: "Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru ku mpuhwe z’Imana Allah, ntimugire ubwoba bwo guhanwa kuri uno musi, eka ntimunicwe n’intuntu y’ivyo mwasize kw’isi".