Mu vy’ukuri, abagarariji bahakanye bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu vyerekana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, bakanagira amanyama mu kuvyirengagiza, ibikorwa bakoze kw’isi, eka n’imishaha yabo igihe co gupfa, ntibizokwugururirwa imiryango y’ijuru, eka na bo nyene ntibazokwinjira mu Bwami bw’ijuru ingamiya itabanje kwinjira mu ntoboro y’urushinge1. Ivyo na vyo bikaba bitoshoboka. Ni nk’ukwo rero Twebwe Allah Duhemba inkozi z’ikibi.