Ntumwa y’Imana! Burya ababangikanyamana ku kuntu bakuzi ko uri imvugakuri, bari bakwiye kwemera mu vy’ukuri, ko Twakumanuriye Igitabu ca Qor’ani ubasomera! Mu vy’ukuri muri iyi Qor’ani harimwo impuhwe ku bemeramana, mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa; harimwo n’urwibutso rutuma bama bagavye.